エピソード

  • Woba utinya urushinge? Ubushakashatsi bushobora kurangiza ibipimo bikorwa harinze kuvomwa amaraso
    2021/11/28
    Patrick Rufangura ariko ararangiza ivyirwa vyiwe vya PhD kuri kaminuza imwe muri Sydney, yakoze ubushakashatsi bushobora guhindura amateka y'isi mw'isuzumwa ry'indwara harinze gufatwa amaraso. Ng'uku uko yabisiguye.
    続きを読む 一部表示
    12 分
  • Orphan Relative Visa: Ni nde yoyisaba?
    2021/11/26
    Iyo visa ihabwa impfumvyi izwi nka Orphan Relative visa (subclass 117) n'imwe muri visa abimukira bashaka kuba muri Australia bosaba. Ariko ikibazo ni, Ni nde yemerewe kuyisaba? Asabwa iki?
    続きを読む 一部表示
    9 分
  • Uko utegura umusi niko wabwirizwa gutegura ijoro, wobigenza gute?
    2021/11/22
    Mu gihe ingingo zo kurwanya COVID-19 zakuweho, bamwe batekewe n'ubwoba bwo gusubira mu buzima busanzwe. Menya bimwe ukwiye kwirinda kugira ngo udahava usanga wuzuranye ifaranga, ukabura abawe.
    続きを読む 一部表示
    11 分
  • A.T.M JEFF yahishuye ibanga ryamufashije igihe yagira isanganya ryahatswe kuzimanganya ubuzima bwiwe
    2021/11/19
    Inyuma y'umwana urenga umuririmvyi A.T.M JEFF adakora cane, uwo muririmvyi arahishura ingene umuziki wamufashije mu gihe yari yataye ivyizigiro vyo kuririmba inyuma y'isanganya ryahatswe kuzimanganya ubuzima bwiwe.
    続きを読む 一部表示
    10 分
  • Igisata c'ubuvuzi cigenga kirageramiwe muri Australia
    2021/11/14
    Abakiri bato mubanye Australia babandanya bisokora murico gisata ku rugero ruteye amakenga. Ivyo bikaba vyatumye ababijejwe eka n'amashirahamwe yandi guhamagarira reta ngo ikore ibishoboka ico gisata gihurumbirwe.
    続きを読む 一部表示
    6 分
  • Amategeko y'ibarabara atazwi kandi umuntu wese muri Australia akwiye kumenya
    2021/11/13
    Wari uzi yuko wotozwa ihadabu muri Tasmania kubera gukoresha GPS kuri terefone yawe uri mu ngendeshwa. Turabashikiriza amategeko y'ibarabara atazi ariko yogufasha kwirinda kwica amategeko mu ma barabara yo muri Australia.
    続きを読む 一部表示
    11 分
  • Woba uzi ingaruka amabere bateragira mu bakenyezi atera? Ng'ibi ivyo Australia igiye gukora
    2021/11/13
    Muri Australia havugwa yuko hashobora guhagarikwa ubwoko bugera umunani bw'amabere batera mu bakenyezi, kuko ayo mabere ashobora kuba intandaro y'indwara ya cancer ifatira mu maraso, ariko gushika ubu ivyo bikaba bikiriko biratohozwa.. Ikigo Therapeutic Goods Administration (TGA) cavuze yuko kibaye gihagaritse igurishwa ryayo mabere mu kiringo c'amezi atandatu.
    続きを読む 一部表示
    6 分
  • Umuvyeyi yokora iki umwana wiwe anyuzuye canke bamunyuzuye
    2021/10/31
    Umwana umwe kuri bane mu baba muri Australia baranyuzurwa ku mashuri aho biga. Nk'umuvyeyi birashobora ku kugora mu kumenya ico wofata mu gihe umwana wawe anyuzuwe canke mu gihe anyuzura abandi. Uko biri kwose ni vyiza kugenda kurondera ubufasha kubahinga bakakugira inama.
    続きを読む 一部表示
    11 分